Umugwi wa Livepool waronderwa n'abandi baguzi bo muri Aziya

Umugwi wa Liveroop
Image caption Umugwi wa Liveroop

BBC ifise amakuru yemeza ko kugura umugwi wo mu Bwongereza Liverpool bitaronderwa na bamwe gusa kuko hari abandi bawushaka.

Abandi bashaka kugura uwo mugwi ni Peter Lim, umutunzi ruherwe wo muri Singapore, ashaka kuvugana n'abatwara Liverpool akabemerera amahera menshi gusumvya.

Nk'uko bivugwa n'abegereye bwana Lim, ngo niwe yari afise amahirwe yo kwegukana uwo murwi mugiye igurisha ryariko rirasozerwa.

Yagiranye ibiganiro n'umuyobozi wa Liverpool ku vyerekeye kugura uwo mugwi, ivyo bikerekana ko yari yizeye kwegukana uwo murwi.

Bwana Lim yamenyeshejwe ko atariwe yatsindiye kugura Liverpool, amasaha makeyi imbere y'uko umuyobozi Martin Broughton, amenyeshereje ku tariki ya 6 z'ukwa cumi, ko livepool izogurishwa kuri

John Henry wo muri New England Sport Ventures ku mahera imiriyoni 300 z'ama pound.

Gushika ubu ariko, bwana Lim ntaramenya igituma abayoboye Livepool atari we bahisemwo ngo agure uwe mugwi.