Inkino za Commonwealth mu Buhindi zarangiye

Ibirori vyo gusozera inkino za Commonwealth mu Buhindi
Image caption Ibirori vyo gusozera inkino za Commonwealth mu Buhindi

Inkino za Commonwealth zabera i Delhi zaherahejwe n'ibirori bibereye ijisho kuri stade Jawaharlal Nehru.

Ivyo biriro vyaranzwe n'ihererekanwa ry'ibendera ry'inkino za Commonwealth, rihabwa umuji wa Glasgow muri Scotland, wo wegukiwe gutegura inkino zo mu 2014.

Ubuhindi bwungutse ingoga ku munsi wa nyuma w'inkino mu gukura Ubwongereza mu kibanza ca kabiri mu gutwara imidari myinshi, inyuma ya Australia.

Ubuhindi bwari bwacitse intege imbere y'uko inkino zitangura bitewe n'amajambo mabi yavugwa ku vyerekeye ukuntu bwateguye izi nkino.

Ariko vyagiye guhinduka inkino zitanguye kugenda neza, abitabira inkino nabo bagenda bariyongera mu minsi cumi n'umwe inkino zamaze.