Abakunzi ba Manchester biyibagije Rooney

Javier Hernandez
Image caption Javier Hernandez

Eric Cantona, George Best na Cristiano Ronaldo bose barahimbajwe n'abakunzi ba Manchetser bariko barahimbaza intsinzi kuri Stoke City baniyibagiza indwi iheze y'uruhagarara rwatewe na Rooney.

Uwutabonetse muri urwo rutonde rw'abakejwe ni Rooney, yariko arahimbaza ikontara yiwe hamwe n'imyaka 25 y'amavuko i Potteries muri Dubai.

Kandi nimba hari abakunzi batwawe n'ukwiyumvira umukinyi anyaruka cane kandi akina umupira ubereye ijisho, baciye bavyibagizwa n'icizere bahawe n'uwari yasubiriye Rooney, Javier Hernandez.

Hernadez yatsinze bibiri vyose vya Manchetser, aha uwo mugwi intsinzi yawo ya mbere hanze ya Old Trafford muri uno mwaka, n'amanota atatu yari akenewe cane nyuma y'indwi yahatswe guhungabanya bimwe bikomeye uwo mugwi.