Rio Ferdinand ntiyajanye n'abandi i Barsaspor

Rio Ferdinand
Image caption Rio Ferdinand

Umukinyi w'inyuma wa Manchester United, Rio Ferdinand, ntiyajanye n'abandi 20 bagiye gukina urukino rwa champions league mu mugwi C i Barsaspor.

Ferdinand, yagarutse mu kw'icenda nyuma y'imvune yo ku ivi yagize mu kwa gatandatu, yakinye urukino rwa Tottenham ku wa gatandatu.

Uwo mukinyi w'imyaka 31 yahakanye ko ikibazo yari afise c'umugongo, coba ari co catumye batamushira mu mugwi w'abagiye.

Jonny Evans, Federico Macheda, Anderson na Gary Neville nabo ntibarimwo, co kimwe n'abamaze igihe badakina, Wayne Rooney, Michael Owen na Ryan Giggs, ariko uyu wewe ashobora gukina urukino rwo kuwa gatatu uza na Manchester City.