Wayne Rooney ashobora gusubira gukina

Wayne Rooney
Image caption Wayne Rooney

Umukinyi wa Mancherster United, Wayne Rooney, ashobora kugaruka nyuma y'imvune ku kuguru mu rukino ruzohuza Manchetser na Wigan ku wa mungu.

Uwo mukinyi w'imyaka 25 ntarasubira gukina kuva itariki 16 z'ukwa cumi, akaba ariho akiva muri leta zunze ubumwe za Amerika aho yari yagiye kwivuza.

Umumenyereza wa United, Sir Alex Ferguson, yavuze ko atibaza ko Rooney azotangura urukino, gusa ngo ashobora kuja mu bakinyi basimbura, ariko ngo urukino na Rangers ku wa gatatu rworwo azorukina.

Naho atarasubira mu myimenyerezo, Rooney yarakoze ibihagije kugira abe yoshirwa mu basimbura abandi ku wa gatandatu mu rukino rwa Premier League.

Kandi Ferguson ashaka gukoresha uwo mukinyi w'Umwongereza mu rukino rwa Champions League ruzobahuza n'umugwi wo muri Scotland.