Rangers yiteguriye guhangana na Rooney

Wayne Rooney
Image caption Wayne Rooney

Umumenyereza wa Manchester United yiteze ko Rooney avyifatamwo neza mu rukino rwa Champions League rwo kuri uno mugoroba.

Rooney yagize ikibazo co gukomereka muri uno mwaka, ibibazo bwite kuri we hamwe n'inkuru zo gushaka kuva muri Manchetser, ariko yarasimbuye mu rukino ruheruka na Wigan.

Sir Alex Ferguson Yavuze ko urukino rw'uno munsi ruhambaye, rubera ku kibuga ciza hamwe n'abarorerezi bashushe.

Manchester United iri mu muji wa Glasgow guhatana na Rangers mw'ihiganwa rya Champions League mu mugwi C ku kibuga ca Ibrox.

Intsinzi gusa niyo ishobora guha amahirwe Rangers yo kubandanya mw'ihiganwa.