Arsenal ifise ikibazo c'imvune ku bakinyi

Cesc Fabregas
Image caption Cesc Fabregas

Abakinyi bo hagati ba Arsenal, Cesc Fabregas na Emmanuel Eboue, bazomara indwi zibiri na zine badakina nyuma y'imvune bakuye mu rukino batsinzwe 2-0 na Braga.

Kapitene Fabregas yakomeretse umutsi wo mw'itako, nayo Eboue akomereka mw'ivi mu rukino batsinzwe rwa Champions League mu mugwi H.

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yabariye Arsenal TC Online ko Fabregas azosuzumwa, nyuma bamenyeshe igihe azomara adakina, gishobora kungana n'indwi zibiri.

Eboue wewe ngo yakomeretse mw'iteranirizo ry'ivi, ngo akaba ashobora kumara indwi zine adakinye.

Wenger yakinishije Fabregas kandi yari afise ikibazo c'ubunonotsi, akaba yemeza ko kwari ugutomboza.