David Cameron yashitse i Zurich

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron yashitse i Zurich muri Swisse ngo ashigikire igihugu ciwe mu gihe gishaka kwakira igikombe c'isi co mu 2018.

Cameron yaje i Zurich uno munsi ngo ahimirize abatwara Fifa gutora Ubwongereza mu matora azoba kuwa kane.

Bwana Cameron yavuze ko ikimuhangayikishije ari kimwe gusa, ico naco ngo ni ukuzana amahiganwa y'igikombe c'isi mu Bwongereza.

Ngo araza kubumvisha ingene umupira w'amaguru mu Bwongereza ukomeye cane, ngo ni co conyene gihambaye.

Camero ari mu mugwi w'abantu 30 baserukiye Ubwongereza mu kugerageza kuzana muri ico gihugu amahiganwa yo mu 2018, harimwo na David Beckham yahoze ari kapitene.

Umushikiranganji wa mbere Cameron aza kubonana n'umukuru wa Fifa Sepp Blatter anagirane ibiganiro n'abandi bakuru muri Fifa.