FIFA igiye gukora iperereza ku birego bya ruswa

Claude Sulser
Image caption Umwe mu bayobozi bakuru ba FIFA

Inama nkuru y'umupira w'amaguru ivuga ko izogira itohoza ku vyavuzwe mu kiganiro ca television ya BBC, kuri umwe mubagize ako kanama, umunye Cameroun Issa Hayatou.

Issa Hayatou n'umwe mu bantu batatu bagize akanama karongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru, FIFA, bivugwa ko bemeye kwakira igiturire mu myaka ya 1990 c'ikompanyi yo muri Swisse, yari yatsindiye isoko ryo gushikirizwa udushimwe.

Hayatou yashikirije aho ahagaze, ahakana ivyo bivugwa yongerako ko agiye kwitwarira BBC. Fifa ivuga ko abategetsi ba Swisse bariko baragira amatohoza kuri ivyo bivugwa, kandi ko ata n'umwe muri abo baragigwa n'icaha.

Abandi bavuzwe muri ico kiganiro ca BBC, Panorama, ni Ricardo Teixeira wo muri Bresil na Nicolas Leoz wo mu gihugu ca Paraguay.