Newcastle yirukanye umumenyereza

Chris Houghton
Image caption Chris Houghton

Newcastle United yirukanye umumenyereza wayo Chris Hughton mu gihe uwo mugwi wari umazi iminsi utavyifatamwo neza ku kibuga.

Newcastle yatsinzwe 3-1 na West Brom kuwa gatandatu, nyuma y'indwi imwe inganije na Chelsea 1-1, ikaba yaheruka gutsindwa 5-1 na Bolton.

Hughton yagarukanye Newcastle muri Premier League uno mwaka nyuma yaho imanuriwe mw'ihiganwa ry'umwaka wa 2009-10.

Newcastle ubu ni iya 11, ikaba yaratsinze inkino zitanu muri 16, zibiri muri zo ikaba yazitsindiye iwayo.

Ibihuha vy'uko Hughton, yigeze kuba umukinyi w'inyuma wa Tottenham, yoba agire ave muri Newcastle vyatanguye gukwiragizwa mu ndwi ziheze.