Paul Scholes ashobora kutazokina urukino rwa Arsenal

Paul Scholes
Image caption Paul Scholes

Umumenyereza wa Manchester United, Sir Alex Ferguson, avuga ko umukinyi wo hagati, Paul Scholes, ashobora kutazokina urukino ruzobahuza na Arsenal ku munsi wa mbere.

Uwo mukinyi w'imyaka 36 ntarasubira mu kibuga kuva aho akomerekeye mu rukino na Rangers mu kwezi guheze.

Vyari vyitezwe ko akina mu rukino rwo ku wa kabiri Manchester yanganije 1-1 na Valencia ariko agira ikibazo ari mu mwimenyerezo.

Sir Ferguson yavuze yuko Scholes yagerageje kwimenyereza ku wa Mungu ariko aca arabihagarika, rero ngo ashobora kugira ikibazo ku wa mbere uza.

Paul Scholes yari amaze iminsi akinira neza cane Manchester muri uno mwaka, ayifasha gushika ku kibanza ca kabiri muri Premier League, ikaba iri inyuma inota rimwe gusa Arsenal, ikaba kandi ifise urukino itarakina.