Alan Pardew niwe mumenyereza mushasha wa Newcastle

Alan Pardew
Image caption Umumenyereza mushasha wa Newcastle, Alan Pardew

Newcastle United yashizeko Alan Pardew ngo ayibere umumenyereza mu kiringo c'imyaka itanu n'igice iri imbere.

Pardew, yirukanywe n'umugwi wo mugice ca mbere Southampton, asimbuye Chris Hughton yirukanywe ku wa mbere.

Uwo mugabo w'imyaka 49, yavuze ko ari agateka kuri we kubona ahawe ako karyo ko kumenyereza umwe mu mirwi ikomeye mu Bwongereza.

Urukino rwa mbere ari umumenyereza wa Newcastle, ifise ikibanza ca 12 muri Premier League, ruzoyihuza na Liverpool ku wa gatandatu.