Ikibazo ca Carlos Tevez muri City caheze

Carlos Tevez
Image caption Carlos Tevez

Umumenyereza wa Manchester City, Roberto Mancini, yavuze ko guheza ikibazo ca Tevez arico kintu conyene ciza nyuma yo gutsindwa na Everton 2-1.

Tevez w'imyaka 26, yemeje ko azoguma muri City imbere yuko urikino rutangura, nyuma y'indwi imwe gusa amenyesheje ko ashaka kugenda.

Umumenyereza Mancini yabwiye BBC ko ari vyiza ko ico kibazo catorewe umuti.

Yavuze ko bibanezereje cane, ariko ngo niyo nkuru nziza yonyene baronse ku mugoroba w'ejo.

Tevez, yagumye ari kapitene muri urwo rukino, ntiyagaragaye aho City yatsindiwe iwayo.

Kwihindukiza imbere y'uko urukino rutangura, vyagomba kuba vyahahe ingoga abakinyi bagenzi biwe hamwe n'umumenyereza, ariko siko vyagenze.