West Ham ntizokwirukana Avram Grant

Avram Grant
Image caption Avram Grant

Umugwi wa West Ham mu Bwongereza umenyesha ko uzogumya umumenyereza Avram Grant naho vyavugwa ko ashobora kwirukanwa agasimbuzwa Martin O'Neil.

BBC Sport yamenye ko O'Neil, yavuye mu mugwi Aston Villa mu kwezi kw'umunani, yanse gusubira Avram w'imyaka 55.

West Ham ni iya nyuma mw'ihiganwa rya Premier League, ariko yaratsinze imikino itatu muri itandatu iheruka irongowe na Grant.

Mw'itangazo uwo mugwi washize ahabona, wamenyesheje ko hari abakinyi ugomba kugura kugire wikingire ntumanuke.

Ivyavuzwe mu kinyamakuru Daily Mirror co ku wa kabiri ko icegera c'umukuru wa West Ham, Karren Brady, yasavye bamwe mu bakinyi ngo biyamirize Avram Grant, vyavuzwe ko ari ibinyoma.

West Ham ivuga ko iriko irarondera aho ayo makuru atari yo yaje azanana, ngo nihagira uwufatwa azoca yirukanwa mu murwi.