John Carew ashobora kuja muri Stoke City

John Carew
Image caption John Carew

Stoke yagiranye ibiganiro na Aston Villa ku bijanye no kugura umukinyi w'imbere w'umunye Norvege John Carew, akinira Villa.

Icegera c'umunyereza Dave Kemp yabariye BBC Sport ko Carew, w'imyaka 31, yagiye kubonana n'umunenyereza Tony Pulis ariko ngo ntakirashikwako.

Ngo yahuye n'uwo mumenyereza, bagirana ibiganiro, ariko ngo ntibisigura ko bashitse ku mwumvikano.

Yavuze kandi yuko ngo ibijanye n'amasoko y'abakinyi muri kino gihe bidatomoye neza, ngo aho biho bir kugeza ubu.