Gukumira abagore mu mupira biracariho?

Umuhagarikizi Sian Massey
Image caption Umuhagarikizi Sian Massey

Abanyamakuru ba Sky Sport bavuze mu mvugo igaya umuhagarikizi w'umugore, Sian Massey, vyatumye hasubira kwibazwa vyinshi kw'ikumirwa ry'abagore mu mupira w'amaguru.

Haciye imyaka ine, uwari umumenyereza wa Lutton, Mike Newell, yaciwe ama pound 6500 n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza kubera imvugo nk'iyo.

Yavuze yuko uruhara rwa Amy Rayners nk'umufasha w'umuhagarikizi mu rukino umurwi wiwe wariko urakino ari ugushaka kugwa neza abashaka ukungana hagati y'abagabo n'abagore.

Newel yasavye ikigongwe, ariko mu nyuma yaje kwirukanwa n'uwo mugwi kubera irindi kosa rija gusa n'iryo.

Ariko ibiheruka kuba, aho Keys na Gray bavuze yuko umuhagarikizi Massey, akeneye kwiga amatgeko ya "hors jeux", vyatumye impari z'uko ikumirwa ry'abagore ririho mu mupira w'amaguru, zisubira kuvuka.