Any Carroll ntatinya gusubirira Torres

Andy Carroll Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Andy Carroll

Umukinyi w'imbere mushasha wa Liverpool, Andy Carroll, avuga ko ata bwoba atewe no gusubira Fernando Torres yahora akinira uwo murwi.

Torres yakundwa cane n'abakunzi ba Loverpool imbere yuko yihindukiranya akaja muri Chelsea ku wa mbere ku mahera angana imiriyoni 50 z'ama pound.

Carroll yaguzwe muri Newcastle amahera imiriyoni 35 nyuma yaho Torres agiriye, ariko uwo mukinyi w'imyaka 22 avuga ko azokwibanda gusa kuco azomarira uwo murwi.

Carroll yabaye umukinyi wa mbere azimvye w'Umwongereza mu mateka, kubera amahera yaguzwe ava muri Newcastle.

Ariko uwo mukinyi w'imbere yavukiye i Gateshead, ngo ntahagaritswe umutima n'ayo mafaranga, yamugize kandi umukinyi agira umunani azimvye mu mateka y'umupira w'amaguru.