Igikombe c'isi 2022 i Qatar kizoba muci

Umukuru wa FIFA Sepp Blatter Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umukuru wa FIFA Sepp Blatter

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA, Sepp Blater, yemanga ko igikombe c'isi co mu 2022 kizobera i Qatar kizoba muci hako cobaye mu gihe c'imbeho.

Blatter ubwa mbere yari yavuze yuko izo nkino zoba mu kwa mbere kubera ikirere co muri ico gihugu.

Amahiganwa y'igikombe c'isi mu bisanzwe aba mu kwezi kwa gatandatu n'ukw'indwi, ariko ubushuhe i Qatar muri ayo mezi bushika kuri 40C.

Blatter yabariye BBC ati: "Nibaza ko ibintu kuri ubu bikiri uko vyahora. Vyose bizoba muci."

Mu kwezi kwa mbere, Blatter yavuze yuko guha Qatar amahiganwa y'igikombe c'isi vyisunze gahunda yo muci, ariko ngo abategetsi ba FIFA nibo bashobora kugira ico bahindura.

Bwana Blatter yavuze ko abakinyi bategerezwa gukingirwa ibihe vy'ikirere bimeze nabi.