Umunye Bresil Ronaldo yahagaritse umupira

Mukinyi rurangiranwa Ronaldo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mukinyi rurangiranwa Ronaldo

Umukinyi w'umupira w'amaguru w'umunye Bresil, Ronaldo, yamenyesheje ko aruhutse ubutagisubira mu mupira w'amaguru.

Uwo mukinyi w'imyaka 34 yashitse kuri vyinshi mu gukina kwiwe, afasha Brezil gutwara igikombe c'isi kabiri, aba umukinyi mwiza wa FIFA mu 1996, 1997 n'2002.

Vyari vyitezwe ko ahagarika umupira mu mpera z'uno mwaka, ariko kuva mw'ihiganwa hakiri kare kw'umugwi wiwe Corinthias mw'ihiganwa Copa Libertadores, vyatumye aca ahitamwo guhagarika.

Ronaldo yavuze ati: "Nashaka kubandanya, ariko sinshobora. Niyumvira ico nogira, ariko sindakigira nk'uko ndavyifuza. Harageze."

Gukina umupira kwa Ronaldo kamushikanye mu mirwi ikomeye i Buraya, harimwo iyo muri Espagne, Barcelona na Real Madrid, co kimwe no mu Butariyano aho yakiniye Ac Milan na Inter Milan.

Ariko aho yabiciye bigacika ni ku rwego rw'isi, aho yatsinda ibitsindo 15 mu bikombe vy'isi bitatu.

Yagiye kandi mu gikombe c'isi mu 1994 muri leta zunze umwe za Amerika, afise imyaka 17, mu murwi wa Brezil watsindiye iryo higanwa, ariko ico gihe ntiyakinye.