Aston Villa yahomvye imiriyoni 37

Umumenyereza wa Aston Villa, Gerard Houlier Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umumenyereza wa Aston Villa, Gerard Houlier

Umugwi wo mu Bwongereza, Aston Villa, umenyesha ko ugiye kugabanya imishahara kubera igihombo c'imiriyoni 37 z'ama pound.

Imishahara muri uwo mugwi yongerekanye imiriyoni 9 zishika ku miriyoni hafi 80, akaba ari ibice 88 kw'ijana y'amahera uwo murwi winjiza ku mwaka, akaba yariyongere imiriyoni 6 mu mwaka uheze.

Ayo mahera arimwo imiriyoni 52 zitangwa na za television, nayo ayava mu nkino z'umupira ni imiriyoni 24, ayava mu gutangaza nayo akaba angana imiriyoni 14.4.

Ukwiyongera kw'amahera Villa yinjiza, vyatumye ija mu mirwi 20 yinjiza menshi ku mugabane wa Buraya.

Igihombo co mu mwaka uheze cari munsi imiriyoni 9 ku mwaka wabanjirije, ariko nyene uwo murwi, Randy Lerner, yatanze imiriyoni 12.5 yavuye mu batanze imitahe bashasha, hamwe n'ayandi imiriyoni 12.5 y'ideni.

Yanatanze kandi imiriyoni 23.5 mu yaguze Darren Bent mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka.