Umukuru wa FIFA ngo azokinjura mu 2015

Umukuru wa FIFA Sepp Blatter Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umukuru wa FIFA Sepp Blatter

Umukuru wa FIFA, Sepp Blatte, amenyesha ko azokinjura mu mabanga yo kurongora iryo shirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi mu 2015 niyasubira gutorwa mu kwa gatandatu.

Uwo mugabo w'imyaka 75 atwara FIFA kuva mu 1998, ahiganirwa muri ico kibanza n'uwutwaye ishirahamwe rya Aziya, Mohamed Bin Hammam.

Yavuze ko yifuza kurongora FIFA iyindi myaka ine, ariko ngo izoba ariyo yanyuma atwaye iryo shirahamwe.

Umukuru mushasha wa FIFA azotorwa mu nama yayo idasanzwe izotangura itariki 31 z'ukwa gatanu.

Mu gihe Bin Hammam ashaka kwongereza ububasha bwa FIFA mu gufata ivyemezo hamwe no gukwiragiza hose amahera yayo, Blatter aronse uwo bahangana kuva aho ahataniye na Issa Hayatou akamutsinda mu 2002.