FA: Abamenyereza b'abirabura bahabwe amahirwe

Umumenyereza Paul Ince Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umumenyereza Paul Ince

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza FA, Gordon Taylor, avuga yuko abamenyereza b'abirabura bari bakwiye guhabwa amahirwe.

Uwo muyobozi avuga ko azoshirako amategeko mashasha akurikiza akarorero ko muri leta zunze ubumwe za Amerika mw'ishirahamwe NFL.

Muri ayo mategeko, imigwi y'umupira w'amaguru izobwirizwa guha ibibazo abirabura vyo kubaronsa akazi mu bibanza vyo hejuru mu mugwi.

Umumenyereza Paul Ince wa Notts County na Chris Powell wa Charlton, nibo bamenyereza bonyene birabura b'imigwi iri mu bice vyo hejuru.

Taylor yabarire BBC 5 Live ko abona bitangaje kuba haza mu Bwongereza abamenyereza nka Jean Tigana na Rudd Gullit ata kibazo, ariko abamenyereza birabura b'Abongereza ntibahabwe ayo mahirwe.