Tottenham ngo nta bwoba itewe na Real

Abakinyi ba Tottenham mu mwimenyerezo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakinyi ba Tottenham mu mwimenyerezo

Umumenyereza wa Tottenham Hotspurs yo mu Bwongereza, Harry Rednap, avuga ko ata bwoba batewe n'urukino rwa mbere mu ca kane ca Champions league bakina na Real Madrid.

Tottenham ni ubwa mbere igiye mw'iri higanwa, ikaba iri muri Espagne mu rukino rwa mbere rw'ica kane c'ihiganwa.

Rednap yavuze ko ata bwoba afise, ngo nta numwe yibaza ko bashobora gushika ngaha, anavuga ko bafise amahirwe menshi yo gutsinda.

Yavuze ati: "Ntituje ngaha gusa kugira twitabe, dushaka kubandanya mw'ihiganwa".

Gushika ubu Tottenham yavyifashemwo neza cane mu mwaka wayo wa mbere mw'iri higanwa, ikaba yarabaye iya mbere mu mrwi yarimwo, itsinda Inter Milan isanzwe ariyo ifise ico gikombe, Werber Bremen na FC Twente, imbere yo gukuramwo AC Milan idatsinzwe igitego na kimwe mu nkino zibiri.