Ferguson yemera ko Manchester ishobora kubandanya

Mancester United Uwufise ububasha kw’isanamu p
Image caption Mancester United

Umumenyereza wa Manchetser United, Sir Alex Ferguson, avuga ko Manchester United ishobora kubandanya mu ca kabiri ca Champions League, niyatsinda Chelsea mu rukino rwa mbere rw'ica kane.

Sir Ferguson araza guhimiriza abakinyi biwe kwinziza ibitsindo i Stamford Bridge kugira bihe amahirwe mu rukino rwa kabiri ruzobera i Manchester.

Ferguson yavuze ati: "Nitwasubira Old Trafford twatsinze ubwa mbere, bizogorana cane kudutsinda".

"Ikintu nyamukuru muri uru rukino ni ugutahukana igitsindo kimwe canke bibiri nivyashoboka".

Ferguson yabandanije avuga ati: "Muri kino gihe, naranezerejwe n'uko urukino rwa kabiri ruzobera Old Trafford. Hazoba hari umwuka mwiza cane."