Wayne Rooney ntazokina inkino zibiri

Umukinyi wa Manchester United, Wayne Rooney
Image caption Umukinyi wa Manchester United, Wayne Rooney

Wayne Rooney yavuze ko ababajwe n'uko atazokina mu ca kabiri c'igikombe ca FA mu Bwongereza itariki 16 z'ukwa kane kubera igihano yahawe banse kugifuta.

Uwo mukinyi w'imbere wa Manchester United yemeye igihano yahawe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru nyuma yo kuvuga amajambo atabereye kuri telesion ahejejwe kwinjiza ibitsindo bitatu ku wa gatandaru.

Ariko yari yunguruje kuri ico gihano co kumubuza gukina imikino ibiri avuga yuko gikabije.

Rooney mu rwandiko yavuze ko bamurenganije, akaba kandi atazokina urukino rwo hirya y'ejo ku wa gatandau ruzobahuza na Fulham.

Uwo mukinyi w'imyaka 25 yaciye asohora urwandiko bimaze kumenyeshwa, avuga ati: "Mbabajwe no kutazokina izo nkino zibiri, rumwe muri zo rukaba ari ica kabiri c'igikombe ca FA i Wembley.