Gary Nevilel azokina urukino rwo guseseza

Gary Neville Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Gary Neville

Manchester United izokina na Juventus itariki 24 z'ukwa gatanu mu rukino rwo gusezera Gary Neville aheruka kumenyesha ko ahagaritse gukina umupira ku rwego rwo hejuru.

Neville w'imyaka 36, yamenyesheje ko ahagaritse umupira itariki 2 z'ukwa kabiri nyuma yo gukinira United imikino 602.

Yavuze ati: "Nezerejwe no kuba umugwi umpaye uru rukino, uzoba ari umugoroba urimwo ivyibutso vyinshi, cane cane ko nzoba nsubiye kwambara irya mpuzu itukura."

Yongeyeko ati "Niteguriye kwigina buri munota w'urwo rukino kandi nizeye ko n'abakunzi banje bazoryoherwa muri uwo mwanya".

Neville yakinye urukino rwiwe rwa mbere rwa Manchetse afise imyaka 17, aho bahura na Torpedo y'i Moscow mu rukino rw'igikombe ca Uefa mu 1992.

Yari mu murwi w'abakinyi ba Manchester batsindiye igikombe ca Premier League inshuro umunani, ica FA inshuro zitatu, bibiri vya League Cup n'ica Champions League mu 1999.

Rumwe mu nkino zizokwama zibukwa yakinyemwo mu gikombe Manchester United yatwaye itsinze Beyern Munich i Nou Camp, ni urukino Manchester yatsinze Juventus mu ca kabiri c'ihiganwa.