Wayne Rooney yemera ko yakoze amakosa

Wayne Rooney ariko aravuga ibiterasoni imbere ya kamera Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Wayne Rooney ariko aravuga ibiterasoni imbere ya kamera

Wayne Rooney yemeye ko yagize amakosa mu kuvuga ibiterasoni imbere y'icuma gifata amasanamu nyuma yo kwinjiza igitsindo West Ham.

Uwo mukinyi w'imbere wa Manchester United w'imyaka 25, yahagaritswe gukina imikino ibiri n'ishirahamwe ry'umupira w'amagugu ryo mu Bwongereza, akaba atazokina ica kabiri c'igikombe ca FA bazokina na Manchester City ku wa gatandatu.

Rooney yabariye ikiganiro talkSPORT ati: "Sinamenye ivyo nariko ndagira ivyo ari vyo. Nari natwawe n'umunezero".

Rooney kandi yavuze yuko uwo bakinana Ryan Giggs akwiye kwatirwa, anavuga ko amakuru y'uko yashwanye n'abamufata mu mugongo atari yo.

Nyuma yo gufasha umgwi wiwe kuja mu ca kabiri ca Champions League mu gutsinda Chelsea 3-1 mu nkino zibiri, Rooney, yigeze kuvuga ko yama yarenganijwe mu guhabwa ibihano, yavuze ko inyifato yiwe i Londre ku tariki ya 1 z'ukwa kane itari ibereye.