UEFA yanse ibirego vya Real na Barcelona

Umumenyereza wa Real Madrid Jose Murinho Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umumenyereza wa Real Madrid Jose Murinho

Ishiramwe ry'umupira w'amaguru i Buraya, Uefa, ryanse ibirego vyari vyashikirijwe n'imigwi ya Real Madrid na Bercelona.

Uefa yavuze ko "ata mugambo wo gusomborotsa" ufiswe na Barecelona nk'uko Real yari yayagirije, mu kuvuga ko ifise inyifato itabereye abagira sport.

Icemezo co guha ikarata itukura Pepe jemejwe mu gihe ikirego ku mu menyereza Jose Mourinho naco nticakirwa.

Ariko Uefa izogira amatohoza ku makosa yagiriza iyo migwi yose uko ari ibiri.

Urukino rwa mbere rw'ica kabiri c'igikombe ca Champions League hagati ya Real Madrid na FC Barcelona mu ndwi iheze, rwaranzwe n'akaguma mu mpera.

Iyo mirwi yombi yakinye ivunana bimwe bidasanzwe, umukinyi wa Madrid Pepe, bimuviramwo kuronka ikarata itukura.

Urukino rwaheze FC Barcelona itsinze bibiri ku busa bwa Real Madrid, ibitsindo vyinjijwe na rurangiranwa Lionel Messi.