Fifa isaba ivyemeza ivyo Ubwongereza buvuga

Umukuru wa Fifa Sepp Blatter Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Umukuru wa Fifa Sepp Blatter

Fifa yandikiye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza irisaba gutanga icegeranyo gikwiye ku vyagiriji vy'igiturire muri Fifa.

Uwahoze ari umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongere, Lord Triesman, avuga ko abakozi ba Fifa basavye ibiturire ngo bashigikire Ubwongereza kugira buronke inkino z'igikombe c'isi co mu 2018.

Fifa yavuze yuko ihangayikishijwe cane n'ivyo vyagiriji bishasha.

Fifa yasavye kandi ko ikinyamakuru Sunday Times gitanga ivyemeza nyuma yaho kivugiye ko hatanzwe igiturire mu gutanga inkino zo mu 2022.