Michael Essien yasuye guhamagazwa na Ghana

Michael Essien Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Michael Essien

Umukinyi wo hagati wa Chelsea, Michael Essien, yasubiye guhamagazwa n'umugwi nserukiragihugu wa Ghana nyuma y'amezi 16 atawukinira.

Essien ari mu murwi w'umumenyereza Goran Stevanovic w'abakinyi 24 bazokina mu rukino rwo guhiganirwa ikibanza co mu gikombe ca Afrika ruzoba mu kwa gatandatu ruzohuza Ghana na Congo, akine kandi mu rukino rwa kivukanyi na Korea yo mu bumanuko.

Uwo mukinyi w'imyaka 28 yafashe akaruhuko karekare nyuma yo kugira imvune nyinshi.

Kevin Prince Boateng na Opoku Agyemang nabo nyene bahamagajwe mu gihe batashoboye gukina inkino zatanguye kubera imvune.

Boateng azokinira urukino rwiwe rwa mbere muri Ghana, mu gihe izindi nkino zose yari amaze gukina zabera hanze.

Essien yahagaritse gukinira Gahana nyuma y'aho avunikiye bimwe bikomeye, imvune ya mbere ikaba yamushikiye mu gikombe ca Afrika muri Angola mu 2010.