Muri FIFA baratungana agatoki

Bin Hamman Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Bin Hamman

Mohammed Bin Hamman yabwiye FIFA ko ikwiye gukora itohoza kuri mukeba wiwe mu guhiganirwa ikibanza co kuyobora iryo shirahamwe ari nawe asanzwe ari mur'ayo mabanga Sepp Blatter, nk'umwe mu baharurwako ruswa.

Bwana Bin Hamman ubwiwe yarabajijwe n'umurwi ujejwe kugenzura inyifato mw'ishirahamwe FIFA ku munsi w'Imana, kur'ico kibazo ca ruswa.

Ivyo bamukekako bishingiye ku myumvikano yo mu kinyegero yoba yaragize mu ntumebro yo kwegurira ubu Russiya itunganywa ry'inkino mpuzamakungu zo mu mwaka w'2018, n'igihugu ciwe ca Qatar mu 2022.

Ikoraniro rya FIFa rizotora uyobora iryo shirahamwe mu mpera z'uku kwezi iZurich muri Swisse.