Dynamo ikata amahera abakinyi batsinzwe

Yusuf Atanda Ayila mu rukino Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Yusuf Atanda Ayila mu rukino

Mu gutuma abakinyi bakinana ubukerebutsi, umugwi wo muri Ukraine, Dynamo Kiev, ukata ku mishahara y'abakinyi batsinzwe urukino.

Mu gihe gutsindwa urukino atari umuhero w'isi, bisigaye bizimvye ku mukinyi w'umunye Nigeria akina hagari, Yusuf Atanda Ayila hamwe n'abo bakinana.

Ayila, yagiye mu murwi rurangiranwa wo muri Ukraine mu 2003 avuye muri Union Bank of Lagos, yabariye BBC Sport ko gutsindwa urukino cane kunganya bitakiri mu migambi.

Ayila ati: "Biragoye cane muri Dynamo. Iyo ariyo ukina, uguma ushaka gutsinda kuko iyo itsinzwe bagukata amahera ku mushahara.

"Ubwa mbere naravyiyamirije ariko abandi bakinyi bambwiye ko umwe umwe wese arihira gutsindwa.

"Rero ubona abakinyi barwanira mu kibuga ibintu bibiri nyamukuru: gutsinda hamwe no kugumiza amahera yacu mu mufuko."

Ayila yongerako avuga ko nk'umunye Afrika, yabonye bigoye cane kumenyera ubuzima bwaho, naho ahamaze imyaka umunani.