Ndayishimiye, Umurundi wa mbere akinye Wimbledon

Hassan Ndayishimiye
Image caption Hassan Ndayishimiye

Hassan Ndayishimiye abaye Umurundi wa mbere akinye mw'ihiganwa rurangiranwa rya Tennis, Wimbledon, ribera mu Bwongereza.

Uwo muhungu w'imyaka 17 akina mu muce w'abatarenza iyo myaka m'wihiganwa rya Wimledon 2011, akaba yanatsinze urukino rwiwe rwa mbere.

Hassan yiganiye BBC ko ava mu Buyenzi mu muji wa Bujumbura, akaba yaratanguye gukina Tennis afise imyaka itanu, yigishijwe na se wiwe asanzwe ari umumenyereza wa Tennis.

Avuga ko yizeye kubandanya agashika kure mw'ihiganwa, kandi ngo akaba yibaza ko azobera akorero abandi bo mu runganwe rwiwe.

Ni ubwa mbere umukinyi wa Tennis ava mu Burundi ashobora gukina kandi agatsinda mw'ihiganwa rya Wimbledon.

Hassan Ndayishimiye ntiyari asanzwe azwi cane, ariko niyabandanya agashika kure muri iri higanwa, nta nkeka ko azoja muri barurangiranwa ku mugabane wa Afrika.