Stefan Savic yaguzwe na Manchester City

Stade ya Manchester City Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Stade ya Manchester City

Umukinnyi w'inyuma wo muri Montenegro Stefan Savic yaguzwe n'ikipe ya Manchester City imuvanye muri Partizan Belgrade.

Uyu mukinnyi ufite imyaka 20 abaye uwa kabiri ikipe ya Manchester City iguze muri kino gihe nyuma yo kugura Gael Clichy wakiniraga ikipe ya Arsenal.

Umwaka ushize Savic yamaze iminsi 10 ageragezwa n'ikipe ya Arsenal. Ubu rero yasinye amazerano y'imyaka 4 n'ikipe ya Manchester City.

Stefan Savic yakiniye igihugu cye cya Montenegro mu mukino wagihuje n'Ubwongereza kuri stade ya Wembley mu kwezi kwa cumi k'umwaka ushize.