Arsene Wenger avuga ko Nasri ataho zoja

Samir Nasri Uwufise ububasha kw’isanamu s
Image caption Samir Nasri

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, avuga ko umukinyi wo hagati, Umufaransa Samir Nasri azoguma muri Arsenal uko vyogenda kwose.

Bwana Wenger yabariye BBC Sport ko Narsi azokinira Arsenal mu mwaka utangura, kandi ngo yizeye ko kapitene Cesc Fabregas nawe nyene ataho azoja.

Ariko Wenger, ntiyigeze avuga ko Nasri zoshira umukono ku masezerano mashasha, mu gihe ayahorahora azohera mw'ici riza.