Chealse ishaka kugura Lukaku

Romelu Lukaku afise ubuhinga budasanzwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Romelu Lukaku afise ubuhinga budasanzwe

Chelsea yamenyesheje ko ishaka kugura umukinyi Romelu Lukaku w'imyaka 18 akinira Anderelecht yo mu Bubirigi, nk'uko BBC yashoboye kubimenya.

Uwo mugwi wo mu Bubirigi wavuze yuko waganiriye na Chelsea ku vyerekeye kugura uwo mukinyi mu kwezi guheze, ariko uwo muyabaga vyaranavuzwe ko aronderwa na Chelsea, Manchester City na Tottenham.

Chelsea rero ubu iramaze kumeyesha icese ko ishaka kugura uyu mukinyi, naho amahera bashaka kumugura atemenyeshejwe.

Lukaku amaze gutsinda kabiri mu mikino cumi yakiniye umugwi nserukiragihugu wiwe.

Mu kwezi kwa gatandatu, umuyobozi mukuru wa Anderlecht Herman van Holsbeeck yavuze ko inzira ikiri ndende mu biganiro.

Ngo bari mu biganiro na Chelsea, ariko hari n'iyindi migwi bariko baravugana nayo.

Lukaku ni umwe mu bakinyi b'i Buraya bafise kazoza keza kubera ukuntu akina neza, kandi bivugwa ko ashobora kuzogurwa amahera ashika ku miriyoni 18 z'ama pound.