Wayne Rooney: Liverpool ishobora kugitwara

Wayne Rooney Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Wayne Rooney

Umukinyi w'imbere wa Manchester United avuga ko Liverpool iri mu mirwi ishobora gutwara igikombe mu mahiganwa ya Premiership buca atangura.

Liverpool yahejeje ari iya gatandatu mu mahiganwa aheruka, yaguze abakinyi bo hagati batatu Jordan Henderson, Charlie Adam na Stewart Dawning muri rino ci.

Kuri ubwo Rooney avuga ko Liverpool yaguze abakinyi beza cane.

Rooney abandanya avuga ko Looverpool izorwanira gushika hejuru bimwe bikomeye gusumvya uko vyari mbere, ishobora no kwibaza ko ifise amahirwe yo gutwara igikombe.

Uwo mukinyo yigeze gukinira Everton yabandanije avuga ko ikibazo kinini kizoterwa na Chelsea, Liverpool, Arsenal na Manchester City.

Ngo iyo mirwi ine wongeyeko Manchester United, niyo izovamwo uwuzoshobora kugitwara.

Muri uno mwaka, Rooney afise intumbero yo gutahukana igikombe ca Premiership kigira gatanu hamwe na United.

Ariko ashaka gutangura amahiganwa ari imbere mu gutsinda Manchester City yatwaye igikombe ca FA mu rukino rwa Community Shield i Wembley itariki 7 z'ukw'umunani.