Balotelli ntanezerewe i Manchester

Mario Balotelli Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Mario Balotelli

Umukinyi wa Manchester City akina imbere, Mario Balotelli, avuga ko akumbuye muhira kandi ntanyegeza ko ashaka gusubira mu Butaliyano.

Uwo mukinyi yahora akinira Inter Milan, avuga ko Manchester itamushika kandi ngo ntazi nimba azoheza imyaka itanu agomba kuhamara mu masezerano afitaniye na City.

Ariko uwo musore w'imyaka 20 avuko vyose ari sawa i Mancester City, kandi azokoresha akaryo aronka muri uwo mugwi, akifashishe mu gukura.