Urikino rwa Hollande n'Ubwongereza rwasibijwe

Abakinyi b'Ubwongereza babwirwa ko urukino rwasibijwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abakinyi b'Ubwongereza babwirwa ko urukino rwasibijwe

Urukino rwa kivugakanyi hagati ya Hollande n'Ubwongereza rwobaye ejo rwasibijwe kubera imvururu zimaze iminsi itatu i Londres.

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, FA, David Bernstein yavuze ko FA yavuganye n'igipolisi, leta hamwe na komine ya Brent.

Yavuze mu rwandiko ati: "Ntidushobora kwakira urwo rukino canke kwishingira umutekano w'abarorerezi."

Inkino zo mu gikombe ca Carling i Charlton, West Ham, Crystal Palace n'i Bristol City zigijwe inyuma.

N'urukino rwa kivukanyi hagati ya Ghana na Nigeria ku kibuga ca Vicarage Road i Watford, narwo nyene rwasibijwe.

BBC Sport yamenye ko abategura ihiganwa rya Premier League bavuganye n'abapolisi ku vyerekeye inkino zo mu mpera z'indwi zizokinamwo imirwi y'i Londres, bakavuga ko hakiri kare kugira hafatwe ingingo.