Obi Mikel asaba ko se wiwe arekurwa

John Obi Mikel Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption John Obi Mikel

Umukinyi wa Chelsea akina hagati John Mikel Obi yasavye ko se arekurwa nyuma y'aho anyururijwe muri Nigeria ku wa gatanu.

Michael Obi ntarasubira kuboneka canke ngo yumvikane kuva aho agiriye ku kazi ntagaruke ku wa gatanu mu muji wa Jos.

Abaserukiye Obi Mikel, SEM Group, banditse ku rubuga rwa Twiter ko se wiwe yanyurujwe muri Nigeria ku wa gatanu.

Mikel yavuze ati: "Namye ngerageza gufasha igihugu, ubu harageze ko naco kimfasha, uwo wese azi aho dawe ari ndamusavye kubimenyesha."

Uwo mukinyi yabimenyeshejwe imbere y'urukino rwa Premier Leage ejo ku wa mungu hagati ya Chelsea na Stoke City, ariko yahisemwo gukina.