Repdknapp atunga urutoke abashaka kugenda

Harry Redknapp
Image caption Harry Redknapp

Umumenyereza wa Tottenham Hotspurs, Harry Redknapp, avuga ko bidatangaje ko batanguye nabi kubera umwuka mubi watewe n'abakinyi bashaka kwigira.

Spurs yatsinzwe inkino zayo zibiri za mbere 3-0 na 5-1, Redknapp akavuga ko yumva ko ibintu bitameza neza, ngo kuvuga ko ari sawa kwoba ari ukubesha.

Yavuze ati: "Nshobora kubabwira ko hari abakinyi benshi bashaka kwigira".

Yabandanije avuga ko ivyo bitatuma haba umwuka mwiza mu gihe ihiganwa rishasha ryariko riratangura.

Gutsindwa 3-0 na Manchester United, vyakurikiwe na 5-1 yatsinzwe na Manchester City, bituma Spurs ica iba iya nyuma ku rutonde mfatakibanza.

Redknapp ati: "Natangajwe n'ukuntu twatsinzwe, 5-1. Ariko narumva ko ibintu bitameze neza. Benshi mu bakinyi baracafise ingoga zabo".

Urukino rukurikira rwa Tottenham, ruzoyihuza na Wolverhamton ejo ku wa gatandatu.