Steven Gerrard avuga ko kudakina vyamubangamiye

Steven Gerrard Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Steven Gerrard

Kapitene wa Liverpool, Steven Gerrard, avuga ko kurorera urukino yicaye amezi atandatu kubera imvune vyari nk'indoto mbi kuri we.

Uwo mukinyi w'imyaka 31 yasubiye mu kibuga ubwa mbere kuva aho abagiwe mu kwa gatatu, mu rukino Liverpool yatsinze 2-1 Brighton mw'ihiganwa rya Carling ku wa gatatu.

Gerrard yavuze ati: "Yari nk'indoto mbi kuri jewe. Sinzi kuvyifatamwo neza iyo navunitse ntegerezwa kurabira urukina hanze y'ikibuga.

"Vyarangoye cane kandi aya mezi atandatu aheze yabayemwo ivyiza n'ibibi."

Gerrard yari kuba yagarutse mu rukino vuba, ariko uburwayi bwariyongereye mu kwezei kw'indwi bituma yicara izindi ndwi nkeyi, ariko yakinye iminota 15 ya nyuma mu rukino rwo ku wa gatatu.

Steven Gerrard avuga ko ubu ivyo vyose biri inyuma yiwe, ubu ngo ashaka gusubira ku rwego rwiwe vuba ashobore kuza aratangura inkino.