U Rwanda rwatsinze Guinee muri Basketball

Ihiganwa rya Basketball Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ihiganwa rya Basketball

Ihiganwa rya Basketball ry'abagore ku mugabane wa Afrika ryatanguye mu gihugu ca Mali, u Rwanda rukaba rwatsinze Guinee.

U Rwanda rwashoboye kwinjiza amanota 69 ku 35 ya Guinee ruca rutahukana itsinzi mu rukino rwa mbere rw'amahiganwa.

Uburyo inkino ziteguye vyagomvye guhindurwa kuko imirwi ya Angola na Ghana yashitse itevye.

Mu rundi rukino rwabaye uno munsi, Mozambique yatsinze Cote d'Ivoire 69-65.