Bashful Taarabt yasubiye gukinira Maroc

Taarabt (ibibamfu) yasavye ikigonwe abo bakinana Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Taarabt (ibibamfu) yasavye ikigonwe abo bakinana

Nyuma y'amezi ane avuze ko atazosubira gukinira Maroc, Adel Taarabt ari i Marrakech ngo afashe Maroc mu rukino rwo kurondera kuja mu gikombe ca Afrika.

Ku wa Mungu uza, umugwi Les Lions de l'Atlas uzokina na Tanzania mu rukino ugomba gutsinda kugira uronke amahirwe yo kuba uwa mbere mu murwi D.

Uwo mukinyi wa QPR akina hagati yashitse muri Maroc kuwa mbere, naho ubwa mbere yivumbuye akava mu kigo c'imyimenyerezo mu kwa gatandatu amenye ko atazotangura urukino.

Adel yabariye television ya Maroc kuwa Mungu ko asavye ikigongwe abo bakinana.