Roberto Mancini yemeza ko yubaha Ferguson

Umumenyereza wa Manchester City, Roberto Manchini Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umumenyereza wa Manchester City, Roberto Manchini

Umumenyereza wa Manchester City, Roberto Mancini, avuga ko afata umumenyereza wa United, Sir Alex Ferguson nk'umwigisha mu gihe bitegurira guhangana kuwa Mungu.

Iyo mirwi ibiri yo mu Bwongereza iri hejuru ku rutonde rw'ihiganwa rya Premier League, izohurira Old Trafford, Mancini akaba arondera intsinzi ya mbere ku murwi wa Ferguson muri uno mwaka.

Yavuze ati: "Nshobora kuvuga ko ndamushimira kuko ndamwubaha cane, yatsindiye vyose mu myaka 25 amaze amenyereza.

"Ni umwigisha kandi ndamwigirako vyinshi."

Uwo mutariyano yemera ko abamenyereza bose b'akarorero bategerezwa kurabira kuri Ferguson.

Mancini ati: "Ashaka kubandanya atsinda kandi ivyo bimfitiye akamaro hamwe n'abandi bamenyereza bakiri bato."