Hernandez azokinira Manchester gushika 2016

Javier Hernandez Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Javier Hernandez

Umukinyi w'imbere wa Manchester United, Javier Hernandez, yashize umukono ku masezerano mashasha azomugumiza muri uwo murwi gushika mu 2016.

Uwo munye Mexique w'imyaka 23, yaje muri Manchester United avuye mu murwi Chivas de Guadalajara mu kw'indwi 2010, yatsinze ibitsindo 23 mu mwaka wa mbere.

Umumenyereza wa United, Sir Alex Ferguson yavuze ati: "Umukinyi mperuka yavyifashemwo neza agishika ni Ole Gunner Solskjaer. Javier anyibutsa Ole."

Hernandez yavuze ati: "Gukinira Manchester United yabaye indoto icitse ukuri."

Yongeyeko ati: "Sinibaza ko umwaka wanje wa mbere uzogenda neza gutya, ndanezerejwe cane no kuba nzoguma nga mu gihe kiri imbere.

"Gutwara igikombe ukanakina mu rukino rwa nyuma rwa Champions League birahambaye. Nshaka gufasha bagenzi banje gutwara ikindi gikombe."

Uwo mukinyi wa Mexique yatanguye ari hanze mu rukino United yatsinzwe 6-1 n'ababanyi bayo Manchester City ejo ku wa Mungu, aza kwinjira mu kibuga ku munota wa 65.

Ntiyashoboye gukina mu ntango z'ihiganwa ry'uno mwaka kubera imvune yagize mu nkino zo kwitegura muri Amerika.