Namibia ishobora kubangamira igikombe ca Afrika 2012

Herve Zengue (yambaye izera) yavukiye muri Cameroon ariko umugore wiwe ava muri Bukina Faso Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Herve Zengue (yambaye izera) yavukiye muri Cameroon ariko umugore wiwe ava muri Bukina Faso

Igikombe ca Afrika c'umupira w'amaguru 2012 gishobora guhura n'ingorane mu gihe Namibia ivuga ko izoshikana kuri sentare itatura amatati ivyo yagiriza Burkina Faso.

Kuwa Gatanu, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, Caf, ryanse ikirego ca Namibia ku bijanye nk'uko Burkina Faso yakinishije umukinyi etemerewe, Herve Zengue.

Ariko Namibia ivuga ko Caf yirengagije amategeko yayo bwite, avuga yuko umugwi ukinishije umukinyi atemerewe, utegerezwa gutsindwa umukino, uko vyogenda kwose.

Ishirahamwe rya Namibia ry'umupira w'amaguru ryabariye BBC ko rizokwungururiza muri Caf, nivyakenerwa, rije kuri sentare itatura amatati y'inkino.

Ingingo ya 36.12 ivuga yuko umurwi ukinishije umukinyi atemerewe canke yahagaritswe, utegerezwa gutsindwa urukuno kuri penalti (3-0), naho hoba atawavyiyamirije.

Umukinyi Zengue yavukiye muri Cameroon, yakinye inkino zibiri za Burkina Faso mu guhiganirwa kuja mu gikombe ca Afrika 2012, izo nkino zose Namibia ikaba yarazitsinzwe.

Ariko iyo Namibia ihabwa ayo manota, mu gihe yemeza ko Zengue atemerewe gukinira Burkina Faso kuko atari bwavyemererwe na Fifa, umugwi Brave Wariors wa Namibia wari kuronka itike yo kuja mu gikombe ca Afrika 2012.

Ni ukuvuga yuko amanota atandatu yari kuva mu nkino zibiri zahanishijwe Burkina Faso, yari gutuma Namibia ica iheza ari iya mbere mu mugwi F n'amanota icenda, igaca isumvya Burkina Faso atanu.