Ferguson amaze imyaka 25 amenyereza Man U

Sir Alex Ferguson Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sir Alex Ferguson

Umumenyereza wa Manchester United, Sir Alex Ferguson, yavuze ko imyaka 25 amaze amenyereza uwo mugwi ari nk'indoto nziza.

Ferguson, azokwiza imyaka 70 mu kwezi kuza, yatsindiye ihiganwa rya Premier League inshuro 12, irya FA Cup inshuro zitanu, irya League Cup inshuro zine, Champions League zibiri hamwe na Winners's Cup imwe ari Old Trafford.

Yavuze ati : " Ni nk'umugani mwiza kumara igihe kingana gutya", uwo munye Scotland akaba yaratanguye kumenyereza United avuye Aberdeen mu 1986.

Yabandanije ati: "Nagize ibihe vyiza cane. Ni ibintu udashobora kwibaza ko bizoshika kandi ndashima cane."

Naho amaze gushika kuri vyinshi ku rwego rwo hejuru mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, Ferguson ntakunda kuvuga ku ntsinzi yatahukanye.

Naho yabazwa ku bintu vy'akatarabone ashitseko ejo kuwa Kane, yatanguye avuga ijambo yama avuga ati: "Sinshaka kuja muri ivyo."

Ariko kuwa Kane uwo mutama w'imyaka 69, yarihaye akanya gatoyi ko kwibuka ivyo yakoze mu kazi kiwe vyashikanye ku ntego ata n'umwe yigeze yiyumvira igihe yasubirira Ron Atkinson itariki 6 z'ukw'icumi na kabiri 1986.

Kuva ico gihe, Ferguson yatwaye ibikombe 27, anarerura abakinyi rurangiranwa benshi.