John Terry: Ngomba guhangana n'ikiba c'amacakubiri

John Terry aharira na Anton Ferdinand Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption John Terry aharira na Anton Ferdinand

John Terry avuga ko guhangana n'ikibazo c'amacakubiri afatiye ku rukoba biri mu kazi k'iwe nka kapitene w'Ubwongereze.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza hamwe n'ibiro bikuru vy'igipolisi batanguye itohoza ku bintu vyabaye mu rukino Chelsea yatsinzwe na QPR.

John Terry yavuze ati: "Kuba kapitene ni uguhagarara ugahangana n'ingorane zishitse."

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryanse ko hari ibibazo bimwe bibazwa na BBC hamwe na Sky ku vyabaye igihe Terry w'imyaka 30 yavugana n'abanyamakuru.

Aho Terry yabazwa nimba ashaka kuvuga ku vyabaye, abajejwe gutangaza amakuru y'ishirahamwe ry'umupira bavuze ko ivyo bibazo ata kibanza bifise.

Umumenyereza Fabio Capello yicaritse Terry mu rukino Ubwongereza bwatsinze Espagne 1-0 kuwa Gatandatu, ariko ngo azokina mu rukino rw'ejo na Suede.

John Terry yagirijwe kuba yaratutse Anton Ferdinand wa QPR ibitutsi vy'amacakubiri afatiye ku rukoba mu kwezi hugeze, igihe Chelsea yakina na QPR.