Igikombe c'isi 2014: U Rwanda rwabandanije u Burundi buvamwo

U Rwanda rwabandanije mu muce ukurikira mu guhiganirwa ikibanza co kuja mu gikombe c'isi c'umupira w'amaguru 2014 mu gutsinda 3-1 Eritrea i Kigali.

Amavubi y'u Rwanda yciye aronka karyo ko kubandanya ku bitsindo 4-2 ufatanije inkino zose, mu gihe urukino rwa mbere rwaheze banganya 1-1.

U Rwanda ruzokina na Algeria, Mali, Benin mu nk'ino z'imirwi zizoba mu mwaka uza.

Yabaye intsinzi ya mbere ku mumenyereza Micho Sredrovic, rukaba rwari urikino rwa Kabira ari umumenyereza w'u Rwanda nyuma yaho Sellas Tetteh agiriye.

Ibitsinfwo vy'u Rwanda vyinjijwe na Olivier Karekezi, Jean Claude Iranzi na Labama Kamana.

Abraham Tedros yatsinze mu minota ya nyuma y'urukino, ariko ntivyakwiye ngo Eritrea ishobore kubandanya.

Hagati aho u Burundi bwavuye mw'ihiganwa mu gutsindwa 3-2 mu nkino zombi, mu gihe urwabanye uno munsi i Bujumbura u Burundi bwanganije 2-2 na Lesotho, bakaba bwari bwatsinzwe 1-0 iwayo.